U Burundi burashinja ibinyamakuru bikorera mu Rwanda bibutobera

Sangiza abandi

NDLR: Iyi nkuru yanditse mu Kirundi

Ikete ry’ubushikiranganji bw’umutekano ryashizweko umukono n’umuvugizi OPP1 Nkurikiye Pierre.

Ubushikiranganji bw’u Burundi bujejwe umutekano no gukinga ibiza bwasohoye itangazo bwiyamiriza ibinyamakuru vyo kuri internet buvuga ko biri mu Rwanda, “bishaka kudurumbanya umutekano mu Burundi”.

Muri iryo tangazo ryashizweko umukono n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, OPP1 Nkurikiye Pierre, ubwo bushikiranganji buhanura abarundi “kwima amatwi ivyo binyamakuru.”

Ibivugwa muri iryo tangazo ni ibinyamakuru Iyakure TV, Ishami TV na Kigali News, ubwo bushikiranganji buvuga ko ari “ibinyamakuru vy’ibihimbano, bishikiriza amakuru atariyo ku Burundi mu gihe butekanye hose.”

Iryo tangazo kandi rivuga ko “ivyo binyamakuru binyegeza n’ibigirankana ukuri kw’ukuntu ibintu vyifashe mu ntumbero yo gukora ikibi.

Ngo “biracarondera uguhinduka kw’ubutegetsi mu Burundi nyuma y’aho binaniranye mu 2015, mu gushoboza intambara y’ugushusha abantu imitwe mu ntumbero yo gutyoza ishusho y’u Burundi n’inzego zabwo.”

Iryo tangaza ryongerako yuko kugwirirana kw’ivyo binyamakuru muri iki gihe bifise intumbero yo “kujuragiza abarundi mu gihe bari mu mwiteguro udashobora guhungabanywa w’amatora yo mu 2020.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Iyakure TV YouTube Image caption Iyakure TV ni igitangazamakuru kiboneka ku muhora wa YouTube

Ubwo bushkiranganji kandi bwibutsa ko ibikorwa nk’ivyo biri mu bigize ivyaha bibera kuri internet canke cybercrime mu congereza, ivyaha bihanwa n’amategeko y’u Burundi.

Si ubwa mbere u Burundi bwagiriza u Rwanda canke abari mu Rwanda kubudurumbanya kuva haduka ibibazo vya politike mu Burundi mu 2015.

Ivyo vyagiriji birimwo ivy’uko u Rwanda rucumbikiye imigwi y’abarwanyi iza iragaba ibitero mu Burundi, ibintu leta y’u Rwanda yamye ihakana.

BBC yagerageje kumenya ico abajejwe intwaro mu Rwanda bavuga kuri iri tangazo, batubwira ko ataco bashobora kubivugako.

Inkuru ya BBC

Inkuru bifitanye isano

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *