Biden-Trump: Uwegukanye intsinzi ntaramenyekana

Sangiza abandi

Umukandida w’umudemokrate, Joe Biden ariko atera aja imbere y’uwo bahiganwa, Umurepublikani Donald Trump mu gihe igikorwa c’uguharura amajwi yavuye mu matora yabaye ku musi wa kabiri w’iyi ndwi muri Reta zunze ubumwe za Amerika kibandanya.

Itangazamakuru muri Amerika ntiriratangaza umukandida ribona ko azotsinda mu ma reta atandatu, n’ukuvuga Alaska, Arizona, Georgia, Nevada, Carolina yo mu buraruko na Pennsylvania.

Ejo ku musi wa gatatu itangazamakuru ryamenyesheje ko Joe Biden ari we abonwa ko yatsinze ama Reta ya Michigan na Wisconsin, ama reta uko ari abiri Prezida Trump yatsinze mu matora yo mu mwaka w’i 2016.

Joe Biden yatangaje ejo ku musi wa gatatu ko adashaka gutangaza ko yatsinze amatora, ko yamara ashaka kumenyesha ko niyo igikorwa c’uguharura amajwi carangira, yemera ko azotahira intsinzi.

Biden ashobora kuronka amajwi 270 y’intumwa ziserukira amareta akenewe kugira atsindire ikibanza ca prezida hamwe yoguma ari imbere mu ma reta ya Arizona na Nevada.

Yamara Prezida Trump aracafise amahirwe y’ugutsinda hamwe yorengana Biden muri imwe mu ma reta ari imbere yiwe muri iki gihe.

Amareta nta tangaza uwatsinze amatora imbere yuko amajwi yose aharurwa. Yamara itangazamakuru rirashobora gutangaza uwo ribona ko ariwe azotahira intsinzi mu gihe ribonye ko amajwi aba asigaye ataraharurwa adahagije kugira ahindure ibivuye mu matora.

Inkuru ya VOA

USA: Ubwoba ko Hashobora Kuba Imidugararo Inyuma y’Amatora

Bariko Baratora i New York
Bariko Baratora i New York

Amamiliyoni y’abanyamerika bazindukira ku biro vy’amatora bikwirakwiye mu gihugu kuri uyu wa kabiri gufasha guhitamwo nimba umurepubulikani Perezida Donald Trump yisubiriza ku butegetsi iyindi myaka ine, canke nimba umudemokrate bahiganwa Joe Biden azomusubirira.

Mu gihe Amerika igihanganye n’ikiza ca Covid-19, abanyamerika barenga imiliyoni 97 baza baramaze gutora, abarenga bibiri vya bitatu vy’abatoye mu 2016, igihe Trump yatsinda bitari vyitezwe umudemokrate Hillary Clinton.

Mu gihe kandi bigaragara ko abamaze gutora ari benshi muri uyu mwaka wa 2020, ababikurikirana bavuga ko aya matora ashobora kuzokwitabirwa n’abantu imiliyoni 150 canke barenga.

Aya matora ariko atunganwa inyuma y’imyiyamamazo yaranzwe n’agashavu ku mpande zose, aho Trump na Biden bateranye amajambo, mu gihe umwe abwira uwundi ko adashoboye gutwara igihugu kandi ashobora no kugita mu manga.

Mu mpera z’indwi, ibihumbi vy’abanywanyi ba Trump baragaragaje ingendo yo gusotorana aho imodokari ya bus yo mu myiyamamazo ya Biden yazibiwe iriko iragenda mw’ibarabara.

Abategetsi hamwe n’abadandaza mu bisagara bimwe, harimwo New York na Washington hafi ya White House, bazibiye imiryango n’amadirisha y’amaduka yabo kugira ntibizononwe mu gihe hokwaduka imidugararo.

Haruhande yo gutora perezida, abanyamerika baratora kandi abashingamateka bose 435 basasa mu nama nshingamateka hamwe n’abasenateri 35 kw’ijana bagize sena.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *