Indege z’u Buhinde zakumiriwe muri Kenya kubea cOVID19

Kenya yatangaje kuri uyu wa gatatu ko ibaye irahagarika ivy’agateganyo, uruja n’uruza rw’indege zunguruza abantu ziva mu Buhindi kubera irandagata rw’umugera wa Corona muri ico gihugu co muri Aziya y’Ubumanuko.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Mutahi Kagwe, yavuze ko Kenya yakurikiraniye hafi uko ico kiza gisasika inganda mu Buhindi, aca abona ko vyoba vyiza babaye barahagarika izo ndege, mu kiringo c’iminsi 14.

Iyi ngingo ije ikurikira iyindi nk’iyi yafashwe ku Buhindi n’ibihugu vya Canada, Emirat z’Abarabu zunze ubumwe hamwe n’Ubwongereza kuva ku musi wa gatandatu.

Ubuhindi bwaronse abanduye bashasha 360 000 hamwe n’abarenga 3 000 bapfuye kuri uyu wa gatatu.

Kenya iracahanganye n’igice ca gatatu c’abandura ku bwinshi, naho abapfa n’abandura bagabanutse mu ndwi ziheze.

Ukwezi kwa kane kwabaye kubi kuri Kenya kuva ico kiza gitangura, aho abantu 535 bishwe na Covid-19 kuva mu ntango z’uku kwezi.

Gushika ubu, Kenya ishitse ku bantu hafi 158 300 banduye hamwe n’abarenga 2 600 uwo mugera umaze guhitana.

Inkuru ya VOA

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *